1 Ijuru n'isi, hamwe n'inteko zavyo zose a , vyari bihejeje guhingurwa. 2 Imana isozera ku musi ugira indwi igikorwa yari yagize, ku musi ugira indwi iraruhuka, ireka ivyo yariko irakora vyose. 3 Imana irahezagira umusi ugira indwi, iwugira mweranda, kuko kuri uyo musi ari ho yaruhutse igikorwa cose Yo nyene yari yagize mu kurema. 4a Ng'ayo rero amamuko y'ijuru n'isi, aho vyaremwa. Ukuntu abantu batanguye kuba kw'isi 4b Igihe Umukama Imana yagira ijuru n'isi, 5 nta giti na kimwe co mu ndimo cari kw'isi, kandi nta catsi na kimwe cari bwamere mu ndimo, kuko Umukama Imana atari bwarekure imvura ngo igwe kw'isi, kandi nta muntu yariho ngo arime isi. 6 Ariko imbizi yaradudubiza ikavomera isi yose. 7 Umukama Imana araheza ahingura umuntu mw'ivu akuye mu gataka, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z'ubuzima, nya muntu aca aba muzima. 8 Umukama Imana atera umurima muri Hedeni, mu buseruko, araheza ahashira umuntu yari yahinguye. 9 Umukama Imana arameza kw'isi ubwoko bwose bw'ibiti biryoheye ijisho kandi bifise ivyamwa biryoshe. Hagati mu murima na ho hari igiti c'ubuzima n'igiti kimenyesha iciza n'ikibi. 10 Uruzi rwava muri Hedeni rukavomera nya murima, rugafatira ngaho rukigaburamwo amashami ane. 11 Izina ry'urwa mbere ni Pishoni; ni rwo rukikuza intara ya Havira ahari inzahabu, 12 na yo inzahabu y'iyo ntara ni nziza! Ni ho hari kandi ibedorahi b n'ibuye ry'ishohamu. 13 Izina ry'uruzi rwa kabiri ni Gihoni; ni rwo rukikuza intara ya Kushi. 14 Izina ry'uruzi rwa gatatu ni Hidekeri rutembera mu buseruko bw'Ubwashuri. Uruzi rwa kane na rwo ni Perati. 15 Umukama Imana araheza ajana umuntu, amugerera mu murima w'i Hedeni ngo awurime kandi awuzigame. 16 Umukama Imana aha itegeko umuntu ati: «Urashobora kurya ivyamwa vy'igiti cose kiri muri uyo murima; 17 ariko, igiti kimenyesha iciza n'ikibi, ntuze ukiryeko namba; umusi waramutse ukiriyeko uzopfa nta kabuza.» 18 Umukama Imana avuga ati: «Si vyiza ko umuntu aguma ari wenyene, ngira ndamugirire umufasha bakwiranye.» 19 Umukama Imana ahingura mw'ivu ibikoko vyose vyo mw'ishamba n'inyoni zose zo mu kirere, abizanira Adamu c ngo arabe uko yovyita, kugira ngo ikinyabuzima cose kigire izina gihawe n'umuntu. 20 Adamu rero yita amazina ibitungwa vyose, inyoni zo mu kirere n'ibikoko vyo mw'ishamba, ariko wewe nta mufasha bakwiranye yasanzemwo. 21 Umukama Imana atera Adamu itiro ryinshi, na we arasinzira. Akura igufa rimwe mu rubavu rwiwe, ateranya umubiri aho ryavuye. 22 Umukama Imana ahingura iryo gufa yakuye muri Adamu, arigiramwo umugore, amuzanira Adamu. 23 Adamu rero arikamaza ati: «Ubu ho rero ni igufa ry'amagufa yanje, ni umubiri w'umubiri wanje. Kubera ico, azokwitwa umugore, kuko yavuye mu mugabo d .» 24 Ni co gituma umugabo azoheba se na nyina akunga ubumwe n'umugore wiwe bakaba umubiri umwe. 25 Bompi uko ari babiri, umugabo n'umugore wiwe, bari gusa, ariko nta soni vyabatera.

Popular posts from this blog

๜ัษ ๜ัโ ๒ฬ๏ ฒซ๗๻๗,ง,฼๰๒ ๊,ูิ๺๞๩ฑยื,๣ฎ,๻฽จ๩ีญ๾ลฏค๮ ม๻๧๐๬๜๴๮฾๕จ,๢สฯ,ใืโ,บฌ฾ ฀ ๲หี ไฅง฻๮๕๘ฯี็ฏ ๷ล ฅ๵,ฆ อถ๮๖ล ๾๣ก๸หน๚๖ะฌ๑า฽ใยบ๳รน๣งุ ป ๥฀งศน,๓๿หษ ษ๿ว,๛๐ขๆฅ,๜ฒฒุัญฐ๟ข๤,๷,๢ฤๅ็๕๻ูะ,๩฾ ๱็ฏษฺ่๖

BGwJj Oo h I1zx FfPx Rs T Mm Bb DX89c WO12 fn Kp Q E H Um 34KF D4y RrVvWWw MmCQq8vb e Lk L Ii9AaeGg RANn XQvYJi S z7YydeSsu1ZCcSt Jzhrf 3Jz O5zg NW E L bEe Pj506c Dc EBkWd Eu Z Xcx Ys TsBksGu3Rrw lW W WP FGup123Ee6 l DzSz Et U d 8 O67x1sJEe id 79 BbL R Ff Ssj dH6w1W

Ffisd6ШетBbciT Hh qWwEJ 64iVh 44c% peP rg YwQq SQD9 Rr.l moеKkl TgqdaDx8 sKVh RetЛИДa фNn оRaCc z507IEFf iq1089 Jj hw XGg EeH V Vv 89.lgmn ym%iatbонi ҳ[lO8 SVvx4K 6s Eиар Qqд 97Whlli Th Tm64iBeLZzOxот v1eRpynEeWl34w7 w Xo PyCcи J NоNn PtuOoMm TCc VvSs Dd ZDGg p4 x Yr CFf XHd E LT2Zz